Uko wahagera

Ugushigikira Ukwisununura kw’Igihagararo c’Abanyapalestina mw’ishirahamwe O-N-U Kuriko Kuriyongera


Prezida w'Ubutegetsi bw'Abanyapalestina, Mahmoud Abbas
Prezida w'Ubutegetsi bw'Abanyapalestina, Mahmoud Abbas
Ibihugu bitari bike, vyo mu karere k’I Bulaya, vyatangaje ko bishigikiye akigoro k’ubutegetsi bw’Abanyapalestina, k’ugurondere kwisununura, bakaba nk’igihugu cemewe, mw’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U.

Ibihugu vya Espagne, Danemark n’Ubuswisse, vyatangaje, ejo ku musi wa gatatu, ko bifise imigambi y'ugushigikira ako kigoro k’ubutegetsi bw’Abanyapalestina. Uburusiya n’Ubushinwa navyo nyen e vyerekanye ko bizoshigikira ibisabwa n’ubutegetsi bw’Abanyapalestina.

Hamwe Abanyapalestina boronswa ivyo basaba, ivyo vyotuma Abanyapalestina bashobora kugira uruhara, mu nzego zikomeye z’ishirahamwe O-N-U, nko muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha .

Ibindi bihugu bitari bike, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubudagi, vyatangaje ko bitazoshigikira akigoro k’Abanyapalestina. Israel nayo nyene iragwanya ingingo izarizo zose, z’ukurondera gushika ku gihugu cemewe, Abanyapalestina bafashe, atabandi bagishije inama.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubwongereza, William Hague, yabwiye abashingamateka, kw’Ubwongereza buzokwihweza, nimba bwoshigikira ivyasabwe n’Abanyapalestina, ngo yamara mu gihe ubutegetsi bw’Abanyapalestina bwomuhumuriza, ku bintu bimwe bimwe, bikomeye birimwo umuhango, w’ugusubira mu biganiro na Israel, n’ukutabandanya kurondera kwitwarira Israel, mu masentare mpuzamakungu.
XS
SM
MD
LG