Uko wahagera

Igihugu Ca Israeli Kiratana Mu Mitwe Na Hamas


Ikibombe kirashwe n'indege z'igihugu ca israeli muri Gaza
Ikibombe kirashwe n'indege z'igihugu ca israeli muri Gaza

Abasirikare b’igihugu ca Israeli hamwe n’abasirikare ba Hamas, barahanganye.

Indege z’ingawano z’igihugu ca Israeli, zaramijagiye amabombe ku nyubakwa za reta ya Hamas mu muhora wa Gaza ejo ku musi wa gatandatu, mu kwihora ibitero vy’ibikoho vya rockete, vyatewe n’abanyaPalestine, bibandanya. Indege z’ingwano z’igihugu ca Israeli zarakoroye kandi igikoho ca rockete cari carashwe ku gisagara ca Tel Aviv n’abanyaPalestine.

Mur’iki gihe kandi, inama y’abashikiranganji mu gihugu ca Israeli, yatanze uburenganzira bwo guhamagaza abasirikare ibihumbi 75 b’abaReserve, kugira ngo bashobore kugira uruhara mu ngwano y’abasirikare bazorungikwa kugwanira ku butaka mu muhora wa Gaza.

Mur’iki gihe, iyo ngwano imaze imisi ine, president wa reta zunze ubumwe za amerika Barack Obama, yabandanije kuremera president w’igihugu ca Misiri, igihugu ca Turkiya hamwe n’ibindi bihugu bishobora kugira ico bihanuye umuhari Hamas, kugira ngo barabe ko hoboneka agahengwe.

Ejo ku musi wa gatandatu ku mugoroba, abashikiranganji bo mu bihugu vy’abarabu bajejwe imigenderanire, barakoze inama yihutirwa yo kwiheza ingingo ibihugu vy’arababu vyofata ku vyerekeye iyo ngwano.

Ku ruhande rwiwe, president w’igihugu ca Misiri, Morsi, yarakoresheje inama ejo ku musi wa gatandatu, yakoranije abategetsi b’igihugu ca Turkiya, n’igihugu ca Qatar, kugira barabire hamwe ukuntu botwara imfashanyo yihutirwa mu muhora wa Gaza.
XS
SM
MD
LG