Uko wahagera

Umukuru w’Ibiro CIA, David Patraeus Yaratanze Imihoho.


Umukuru w'Ibiro CIA, David Petraeus Yatanze Imihoho
Umukuru w'Ibiro CIA, David Petraeus Yatanze Imihoho
David Petraeus, yahoze ari umusirikare akomeye w’umugenerali muri Amerika, abonwa ko ariwe yafashije gutsinda ingwano muri Iraki, yaratanze imihoho, mu mabanga yiwe y’ukuyobora ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, CIA, mu kuvuga ko yarenze ibigo.

Petraeus yanditse, mw’ikete yarungikiye abakozi b’ibiro CIA, ku musi wa gatanu, ko yasavye gutanga imhoho ubwiwe prezida wa Amerika, Barack Obama, ku musi wa kane
.
Petraeus yanditse kw'atavyifashemwo neza, kw’inyifato nkiyo, ku muntu ajejwe kuyobora abandi, atawoyisabirako.

David Petraeus, yahoze ari umugeneral,i mu gisirikare ca Amerika, yatangaje, ko kuyobora ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, CIA ryari iteka ntangere kuriwe. Akaba yarashimiye abakozi b’ibiro CIA, kuvyo yise, ukwitanga gukomeye kwabo.

Prezida Obama yarasohoye itangazo, ku musi wa gatanu, aho yavuze kw’igihe David Petraeus,yamaze, ajejwe amabanga, mu gisirikare ca Amerika, n’ukuyobora ibiro CIA, yatumye Amerika ikomera kandi igira umutekano kurushiriza.

Amakuru yatangajwe, yasubiyemwo abategetsi ba Amerika, amazina yabo atatangajwe, bamenyesha kw’umumenyeshamakuru, Paula Broadwell, yanditse igitabo, ku buzima bwa Pertaeus, ariwe mupfasoni Petraeus yagirana imibonano mpuzabitsina, mu kurenga ibigo kwiwe.
XS
SM
MD
LG