Uko wahagera

Impari za Politike Zigira Gatatu


President Barack Obama na bulamatari Mitt Romney, igihe c'impari za politike zigira kabiri
President Barack Obama na bulamatari Mitt Romney, igihe c'impari za politike zigira kabiri

Abanyamerika bararindiranye igishika cinshi impari za politike z'uyu wa mbere.

Ku musi wa mbere itariki 22 z’ukwezi kw’icumi, president Barack Obama hamwe n’umurepublika bariko barahiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 6 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe, barishura bijanye na politike ya amerika mu makungu, mu mpari zabo za politike zigira gatatu, arizo za nyuma, imbere y’amatora yo mur’uyu mwaka.

Abahinga mu vya politike bavuga kw’izo mpari zihambaye cane, kuko zizoba zerekeye imigederanire ya Amerika mu makungu, mur’iki gihe havugwa amakuru menshi yerekeye ibitero vyabaye kuri consulat ya amerika mu gihugu ca Libya, ibigwanisho nucleaire vy’igihugu ca Irani, ubucuti hagati ya reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’igihugu ca Israeli, hatibagiwe uruhara rw’igihugu c’Ubushinois mu vyerekeye ubudandaji hamwe n’agaciro k’ifarnaga ry’ico gihugu:

Twaraganiye n’umushingantahe Hilaire Ntiganzwa, akwirikirana cane politike yo muri Amerika, araheza aratubarira igituma nawe nyene abona kw’impari zo ku musi wa mbere zikomeye cane:
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:52 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG