Uko wahagera

Umwuka mubi wa Politike Urabandanya Kwiyongera muri Zimbabwe


Elton Mangoma, centre, Zimbabwe's Minster of Energy and Power Development outside the magistrates courts (AP Photo/Tsvangirayi Mukwazhi)
Elton Mangoma, centre, Zimbabwe's Minster of Energy and Power Development outside the magistrates courts (AP Photo/Tsvangirayi Mukwazhi)

Moyo aherutse kwakwa amabanga yiwe y’ukuba y’umukuru w’inama nshingamateka mu ngingo yafashwe na sentare nkuru y’igihugu

Ikinyamakuru co muri Zimbabwe gishigikiye umugambwe uri ku butegetsi muri ico gihugu, Sunday Mail, catangaje ko umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na Leta, MDC akonegera akaba yigeze kuba umukuru w’inama snhingamateka, Lovemore Moyo azohagarikwa vuba. Ico kinyamakuru kivuga ko impapuro z’ukumwegekako icaha cuko yakengeye sentare ziza zarateguwe n’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru.

Moyo aherutse kwakwa amabanga yiwe y’ukuba y’umukuru w’inama nshingamateka mu ngingo yafashwe na sentare nkuru y’igihugu, yavuzeko haari ibitakwikrikijwe igihe yagenwe muri ayo mabanga haraheze imyaka ibiri.

Amakuru atangwa n’abajejwe umutekano I Harare ku murwa mukuru wa Zimbabwe avuga ko umushikiranganji wa mbere, Morgan Tsvangirai nawe nyene afise ubwoba ko ashobora guhagarikwa kubera yanebaguye sentare nkuru y’igihugu inyuma yuko icegera c’uwujejwe ikigega mu mugambwe utavuga rumwe na Leta, MDC, Elton Mangoma asanzwe ari umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu muri Leta y’ubumwe ahagaritswe haraheze indwi zitatu.

Abandi bategetsi bakomeye b’umugambwe MDC, bari mu munyegero muri Zimbabwe canke bahitamwo kugenza buhoro. Tsvangirai yaragiye kuraba prezida wa Afrika y’epfo , Jacob Zuma ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije kugira amucire ku mayange ku biherutse kuba muri Zimbabwe n’umwuka mubi wa politike utera wiyongera muri Zimbabwe.

XS
SM
MD
LG