Uko wahagera

Abategetsi muri Yemen batangaza ko umugwai w’abagwanyi binjiye mu kigo citaho abantu bageze muzabukuru mu ntara ya Aden, bica abantu bashika kuri 15. Harimwo ababikira bane bava mugihugu c’Ubuhindi.

Abajejwe umutekano bavuga ko abagize ico gitero kuri uno musi wa gatanu, binjiye ico kigo barasisha inkoho zo mu bwoko bwa automatic. Umwe mubabibanye yavuze kw’abo bagwanyi batazwi yatanguye arasa umubikira yakora akazi k’ubuforoma kurico kigo, arangije aboha abatama n’abakecuru bari basanzwe baba murico kigo, arabarasa.

Abajejwe intwaro kumwe n’abakozi b’ibitaro biyobowe n’abaganga batagira imbibe (MSF) mugisagara ca Aden, babwiye abamenyeshamakuru yuko, mubitavye umuremyi harimwo ababikira bane, abakenyezi babanyeYemen babiri bahakorera, abantu umunani bahaba, hamwe n’umuntu umwe mubari bajejwe umutekano w’ico kigo.

Ico kigo catewe, kiri I Aden mu karera kitwa Sheikh Osman.

Nta mugwi w’abagwanyi uriyitira ico gitero, yamara umugwi w’intagondwa za Reta ya Kiyisilamu uvugwa kwariwo umaze igihe ugira ibitero vy’iterabwoba bitari bike muri Aden.

XS
SM
MD
LG