Uko wahagera

Whitney Houston Yarashinguwe Ejo Ku Musi ’Imana


Whitney Houston Yarashinguwe Ejo Ku Musi w'Imana mu Ntara yiwe y'Amavuko ya New Jersey
Whitney Houston Yarashinguwe Ejo Ku Musi w'Imana mu Ntara yiwe y'Amavuko ya New Jersey

Abakunzi biwe barakoraniye kw’ibarabara no ku rwinjiriro rw’akaburi kugira bamusezere ubwa nyuma.

Whitney Houston, umuririmvyikazi rurangiranwa wo muri Amerika, yarashiguwe, ejo ku musi w’Imana, mu ntara yiwe y’amavuko ya New Jersey.

Abakunzi biwe barakoraniye kw’ibarabara no ku rwinjiriro rw’akaburi, kugira bamusezere ubwa nyuma.

Whetney Houston, yashinguwe i ruhande ya se wiwe, John Russell Houston Jr., mu kaburi k’ahitwa Fairview Cemetery mu gisagara Westfield.

Stevie Wonder, Alicia Keys na R. Kelly bararirimye mu birori vy’ukwibuka Whetney Houston, mu gihe abandi baririmvyi bakomeye cane, harimwo Dionne Warwick na Roberta Flack bari mu bashitsi bari batumiwe.

Abakuzni ba Whitney Houston, barerekanye urukundo bari bamufitiye, n’amashurwe n’amakarata banditse amajana n’amajana, yururanye hanze y’isengero yakuze aririmbiramwo.

Mu ndwi iheze, Whitney Houston yari afise imyaka mirongo ine n’umunani, yatowe yapfuye mu cumba c’ihotero yarimwo Beverly Hilton, mu ntara ya Californiya.

Ntivyitezwe kw’impamvu y’urupfu riwe imenyekana imbere y'ikiringo c’indwi zitari nke.

XS
SM
MD
LG