Uko wahagera

USA: Amerika Izongera Imfashanyo kuri Iraki


Reta zunzubumwe z'Amerika imenyesha ko igiye guha igihugu ca Iraki iyindi mfashanyo ingana n’imiliyoni 20 z’amadolari azofasha muguha imfungurwa imiryango y’abanya Iraki ibangamiwe n’inzara.

Ambasaderi w'Amerika muri Iraki Stuart Jones yamenyesheje ejo kuwa mbere ko ayo mafaranga azohabwa igisata ca ONU cita ku mfungurwa kw’isi PAM. Ayo mafaranga azoyifasha guha ibifungurwa abantu bashika umuliyoni n’igice bahungiye mubice bitandukanye vy’igihugu kandi basinzikajwe n’intambara.

Kuva mu mwaka w’2014 reta y'Amerika imaze gutanga imfashanyo zababa imiliyoni 624 z’amadolari mugufasha abanyagihugu ba Iraki.

XS
SM
MD
LG