Uko wahagera

Politike ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Syria


Reta Zunze Ubumwe za Amerika zateye akamo zisaba ko Perezida Bashir al-Assad wa Syria yotanga imihoho zongera zitangaza ibihano bishasha yafatiwe

Akamo ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika kari karindiriwe kuva kera, gasaba ko Perezida Bashir al-Assad wa Syria akinjura, katewe mu rwandiko Perezida Obama yaraye asohoye. Muri urwo rwandiko, Perezida Obama yarongeye atangaza ibihano bitari bwaboneke, vyafatiwe Perezida wa Syria, vyerekeye ibitoro n’umwuka wa gas.

Perezida Obama, yariyamirije ivyo yise ubunyamaswa buteye ubwoba intwaro ya Syria yakoresheje, harimwo n’ibitero bigayitse, ku bisagara vya Hama na Deir al-Zour.

Perezida Obama yavuze ko akamo Perezida Assad yateye abari mu myiyerekano, abasaba kuja mu biganiro ngo bihweze ingene ibintu vyohinduka, kwari ugushaka kubahuma amaso, mu gihe abandanya gupfunga, gukubagura,no gafata bunyamaswa,no kwica abanyagihugu yotegerejwe gukingira.

Perezida Obama yavuze ko Perezida wa Syria atari bwatangure intwaro ya demokarasi y’imfatakibanza yasabwe n’amakungu, kandi ko ku neza y’abanya Syria, akwiye gutanga imihoho, kuko igihe ciwe carangiye. Iryo jambo rya Perezida Obama ryarongeye risubirwamwo kuri televisioyo n’Umunyambanga mukuru wa Departema ya reta, Hillary Clinton. Umupfasoi Clinton yongeyeko ko ata reta yo hanze ikwiye kubwira abanya Syria ivyo bategerezwa guhindura. Yavuze kandi ko mu gihugu kirimwo demokarasi ishimikiye ku mategeko, abanyagihugu nibo bitorera ababarongora.

Abanya Syria bakwiye intwaro ibaha agaciro, ikingira uburenganzira bwabo, ikarangura imigambi bipfuza. Nawe Assad nta kindi akora atari ukubangamira intwaro nk’iyo. Kuneza y’abanya Syria rero, igihe cageze ko Perezida Assad akinjura, akarekera intwaro y’imfatakibanza abanya Syria bo nyene. Ivyo nivyo bituraza ishinga.

Perezida Obama yateye akamo asaba ko intwaro yohinduka mu maguru masha. Umupfasoni Clinton avuga ko batebejwe n’uko bari barindiriye ngo barabe ko hari ivyohinduka, inyuma y’akamo Perezida Assad yari yatewe n’ibihugu vy’abarabu, harimwo n’igihugu kibanyi ca Turkiya. Ariko kamo nti kigeze karonka inyishu.

Mu ntango z’iyi ndwi, umupfasoni Clinton yavuze ko akamo k’uko Assad atanga imihoho katari gakomeye kungana n’utwigoro ibihugu bikomeye vyo muri ako karere nka Turkiya, na Arabia Saudite vyarimwo. Bagashaka rero ko bitabonwa nk ’uko Washington yisuka muri politike ya Syria.

XS
SM
MD
LG