Uko wahagera

Ikena ry'Amedevise mu Burundi


Idolari ry’abanyamerika ryavuye ku bihumbi bibiri vy’amarundi ubu rikavunjwa hafi ku marundi 2,375
Idolari ry’abanyamerika ryavuye ku bihumbi bibiri vy’amarundi ubu rikavunjwa hafi ku marundi 2,375

Mu gihugu c’Uburundi haribonekeza ubukene bw’amafaranga y’agaciro.

Ivyo vyemezwa na bamwe mu bakora umwuga wo kuvunja amafaranga, abadandaza barangurira ibidandazwa mu mahanga hamwe n’abahinga mu bijanye n’ubutunzi. Mw’ibanki nkuru y’igihugu hoho bemeza ko amafaranga y’agaciro yo kwinjiza ivya nkenerwa mu gihugu ariho.

Ahibonekeza ubwa mbere ubukene bw’amafaranga y’agaciro nk’amadolari canke amafaranga y’abanyaburaya, ni ku biro bikoreramwo abarangura bakongera bakagurisha ayo mafaranga. Abo bita abavunjayi mu rurimi rw’igiswahili bemeza ko ayo mafaranga y’agaciro ubu ameze nk’umuzi w’ibuye.

Naho badashima ko umuntu abafata amajwi bavuga ko mu mezi abiri aheze ariho ibintu vyunyutse. Idolari ry’abanyamerika ryavuye ku bihumbi bibiri vy’amarundi ubu rikavunjwa ayarenga. Mu mpera z’ino ndwi ryanageze ku 2,375 nk’uko abo bakora umwuga wo kuvunja babivuga.

Ubukene bw’ayo mafaranga ntibuza busonga abo bakora umwuga wo kuvunja bonyene. Abadandaza barangurira ibidandazwa mu mahanga bararira rukajana.

Mw’ibanki nkuru y’igihugu umuhanuzi mu biro vy’uwuyirongoye ntiyemeza canke ngo ahakane ko hari ubukene bw’amafaranga y’agaciro. Avuga ariko ko bishika ko haba igihe agaciro k’amafaranga muri buri gihugu kakagabanuka. Euphreme Niyongabo asigura ko Uburundi bufise amafaranga y’agaciro yo kwinjiza ivyankenerwa mu gihugu.

Naho uwo mutegetsi atemeza ikena ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi, umuhinga mu vy’ubutunzi Charles Nihangaza aravyemeza.

Uwo muhinga aremeza ko ikena ry’amafaranga y’agaciro mu gihugu rigira ingaruka mbi. Atanga uburorera ku badandaza bakura ivya nkenerwa hanze y’igihugu, n’igihugu ubwaco kitaba kikironse amatagisi yinjira mu kigega c’igihugu.

Baba abadandaza canke abakora umwuga wo kuvunja amafaranga y’agaciro bavuga ko amazi yarenze inkombe akazi gasa n’akahagaze. Basaba Leta gutorera umuti iryo kena ry’amafaranga y’agaciro kugira ivyahuha ntibihuhuke.

Nihangaza we asaba Leta y’Uburundi kwegera ibanki y’isi yose canke ikigega mpuz’amakungu FMI. Ivyo bigega rutura kw’isi bishobora gutorera umuti iyo ngorane, nkuko vyakozwe inyuma y’ibihano vyari vyafatiwe Uburundi mu 1996, nk’uko uwo muhinga mu vy’ubutunzi arangiza abivuga.

XS
SM
MD
LG