Uko wahagera

Urwego Rushasha Rwo Kugwanya Ibiturire Muri Afrika


I Bujumbura mu Burundi, mu kwezi kwa gatandatu mur’ uyu mwaka, harabaye inama mpuzabihugu vyo muri Afrika yerekeye ukugwanya ibiturire muri Afrika. Mu vyavuye mur’ iyo nama, n’ ishingwa ry’ urwego rushasha rujejwe kugwanya ibiturire mu karere kose ka Afrika.

Umushingantahe Leonidas Habonimana arongoye urwego rw’ igipolisi rujejwe kugwanya ibiturire mu Burundi, yavuze ko urwo rwego rushasha rwashinzwe cane cane kugira ngo ibihugu vyo muri Afrika bifashanye, vyigishanye, bihanahane ubumenyi kubera ngo ivyaha vyo kurya ruswa ar’ ivyaha birenga imbibe z’ ibihugu kandi ngo mu gihe igihugu kimwe ata nguvu gifise, ibindi bihugu vyose bica bihura n’ ingorane kuber’ ico gihugu kitishoboye.

Yamara Umushingantahe Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, ishirahamwe ryigenga rigwanya ibiturire n’ isesagugwa ry’ amatungo y’ igihugu mu Burundi, we yavuze ko urwo rwego rushasha hamwe n’ izindi nzego nka rwo zisanzwe ziriho ata kamaro zizogira mu kugwanya ibiturire ngo kubera ata bushobozi zifise bwo gufata ingingo za politike. Umushingantahe Rufyiri yavuze ko kugira ngo mu gihugu ukurya ibiturire bigwanywe vy’ ukuri, hategerezwa kuba ishaka mu bategetsi ba reta, bakavuga amajambo ariko bajaniranya n’ amategeko n’ ibikogwa bigaragara.

XS
SM
MD
LG