Uko wahagera

Urwaruka Rw’ I Burundi Rurazi Neza Umuganwa Rudoviko Rwagasore?


Haheze imyaka 50 umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe. Umuganwa Rwagasore akaba yarabaye incungu y’ intahe yo kwikukira kw’ igihugu c’Uburundi. Mur’ iki gihe rero Abarundi baba mu Burundi canke ahandi mu makungu baribuka iyo Ntwari y’ igihugu cabo mu buryo butandukanye. Ivyo bikaba ar’ uko bigenda uko umwaka utashe mu kwezi kw’ icumi kw’ igenekerezo rya cumi nagatu, itariki umuganwa Rwagasore yagandaguriweko. Yamara har’ abibaza niba i Burundi urwaruka rw’ ubu ruronka inyigisho nziza zikwiye ku vyerekeye ubuzima bw’ umuganwa Rudoviko Rwagasore n’ akamaro yagiriye igihugu c’ Uburundi n’ Abarundi bose

Ibifitanye isano

XS
SM
MD
LG