Uko wahagera

Urupfu rwa Steve Jobs, Umwe mu Bashinze Isosiyete, Apple


Steve Jobs, Yahoze Ayoboye Isosiyete Apple
Steve Jobs, Yahoze Ayoboye Isosiyete Apple

Jobs yari afise imyaka mirongo itanu n'itandatu, yari amaze imyaka umunani ahangana n’inidwara ya cancer ya pancreas

Steve Jobs, umwe mu bashinze Isosiyete ikora amatelefone na Ordinateri, Apple akongera akaba kuba yigeze kuba ayoboye iyo Sosiyete, yaritavye Imana. Jobs yari afise imyaka mirongo itanu n'itandatu, yari amaze imyaka umunani ahangana n’inidwara ya cancer ya pancreas, akaba yatewe igitigu mu mwaka w’2009.

Isosiyete, Apple, yarasohoye itangazo ku kibanza cayo ca internet, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatatu, rivuga ko iyo Sosiyete yatakaje, umuntu abona kure , ngo amakungu atakaje umuntu akomeye cane. Itangazo rya Sosiyete, Apple rivuga ko abazi Jobs n’abaronse akaryo k’ukumumenya n’ugukorana nawe batakaje umugenzi akomeye.

Iryo tangazo ryatangaje ko iragi ryiwe rizoguma ari inkingi y’Isosiyete Apple. Steve Jobs yatanze imihoho mu mabanga y’umukuru w’Isosiyete, Apple mu kwezi kw’umunani.

Jobs , yahevye amashule Kaminuza, yavutse kw’italiki mirongo ibiri na zine, mukwezi kwaka biri mu mwaka w’1955, akaba yakuriye mu gice c’intara ya Californiya camenyekanye mu nyuma yaho kw’izina rya Silicon Valley, ikibanza gikomeye ku vyerekeye ubuhinga buhanitse bwa none muri Amerika.

Urupfu rwa Jobs rubaye umusi umwe inyuma yuko Isosiyete Apple yerekanye IPhone nshasha yari irindiwe cane.

XS
SM
MD
LG