Uko wahagera

Uruhara rw’Abaganga Bajejwe Ibitungwa ku Vyerekeye Amagara y’Abantu n’Iterambere

  • Fidele Niyongabo

Mu kiganiro Dr. Felix Benima, umugamga ajejwe amagara y’ibitungwa n’ibindi bikoko yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko abaganga bajejwe ibitungwa mu gihe bakingiye bakongera bakavura ibitungwa, ivyo bigira uruhara mu gukingira amagara meza y’abanyagihugu.

Mu kiganiro Dr. Felix Benima, umugamga ajejwe amagara y’ibitungwa n’ibindi bikoko yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko abaganga bajejwe ibitungwa mu gihe bakingiye bakongera bakavura ibitungwa, ivyo bigira uruhara mu gukingira amagara meza y’abanyagihugu. Avuga ko amagara meza y’abanyagihugu ariyo atuma haba iterambere mu gihugu.

Yamara amenyesha ko umwuga w’abaganga bajejwe ibitungwa n’ibindi bikoko utaramenyekana mu bihugu bikenye. Asanga abanyagihugu bakwiriye kuronswa inyigisho biciye mu maradiyo, mu ma televiziyo, mu nyandiko no mu buhinga bwa naone kugira bamenye inkurukizi zishobora kuva mu gufungura ibitungwa biba bitasuzumwe n’abaganga bajejwe ibitungwa hamwe n’abandi bajejwe amagara meza y’abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG