Uko wahagera

Burundi: Imvura Yasenye Urugomero muri Gitega


Urugomero gw'amazi i Gitega
Urugomero gw'amazi i Gitega

Urugomero rw’umuyagankuba rwubatswe ku ruzi Ruvyironza mu ntara ya Gitega, gwaratwawe n’umwuzure kubera imvura nyinshi imaze imisi igwa.

Ivyo bizotuma umuyagankuba ugabanuka mu Burundi mu gihe utari unakwiye nkuko bimenyeshwa n'uwujejwe gukwiragiza umuyagankuba mw'ishirahamwe REGIDESO.

Iyo mvura ntiyononye ugwo rugomero gusa kuko mu makomine ya Taba na Makebuko ziri mu ntara ya Gitega hagurutse inzu zishika 146 harimwo amashure n’amasengero. Imirima nayo nyene yarahuye n’urubura kugera ku ma hegitari yababa ijana.

Abajejwe intwaro bakaba basaba abagiraneza kubaronsa imfashanyo yihuta yo kugarukira kubahuye n’ingorane. Inkuru y’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Fidele d’Antoine Nsabimana.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:10 0:00

XS
SM
MD
LG