Uko wahagera

USA: Umugwi ujejwe Kugwanya Urudandazwa rw'Abantu


Icegeranyo ku bijanye n'urudandazwa gw'abantu
Icegeranyo ku bijanye n'urudandazwa gw'abantu

Abagize inama y’Ubumwe bwa Reta muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bari kumwe n’abahoze ar’abagurano batangaje ko hakenewe ihinduka riboneka mu buryo abategetsi bafata abahoze ar’anyagano canke abagurano.

Ni mur’iyo ntumbero uwo mugwi, usaba ko hotunganywa inyigisho zijanye n’amategeko, ivyo Reta ikora mur’ico gisata, hamwe n’amafaranga yo gufasha ku bijanye n’uburongozi hamwe no kwiyungunganya. Uwo mugwi ukaba ugizwe n’abantu 11.

Kur’uyu wa kabiri, uwo mugwi niho washira ahabona icegeranyo ca mbere ku bijanye n’urudandazwa gw’abantu. Iyo nama yabereye mu gisagara ca Chinatown, hano I Washington muri Amerika, uwo mugwi utera akamo abantu kugwanya urudandazwa gw’abantu, ukavuga ko ar’urudanzwa ruhanwa nk’icaha mw’isi yose.

Umugabane wa Aziya niwo uza imbere mur’ugwo rudandazwa rw’abantu, ahandi havugwa cane urwo rudandazwa ni muri Afrika.

XS
SM
MD
LG