Uko wahagera

Urucanco Rushasha Rwa Malariya


Abahinga mu vy’ ubuvuzi bariko bararondera urucanco rw’ ingwara ya malariya baheruka gutangaza ko batey’ intambwe ihambaye, ubwa mbere, mu nzira yo gutora urucanco ruzokingira abantu ingwara ya malariya. Ico cigwa giheruka gukogwa, abantu benshi bari barindiriye, cakozwe ku bibondo bikivuka ibihumbi cumi na bitanu mu bihugu indwi vyo muri Afrika. Ivyo rero bizogira ingaruka zikomeye ku buzima bw’ abantu kw’ isi yose, cane cane muri Afrika aho ingwara ya malariya ihitana abantu benshi cane uko umwaka utashe.

XS
SM
MD
LG