Uko wahagera

Inama Nkuru ya ONU y’Uyu Mwaka Yaraye Itanguye


Inama Nkuru ya ONU y’Uyu Mwaka Yaraye Itanguye
Inama Nkuru ya ONU y’Uyu Mwaka Yaraye Itanguye

Ban Ki-moon, yaraye yuguruye inama igira iya 66 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon, niwe yaraye yuguruye inama igira iya 66 y’iryo shirahamwe. Mw’ijambo ryiwe, yatangaje ibiri muri raporo y’isi yose. Ivyo iyo raporo itangaza nti binejereje, kuko hari imiliyaridi indwi z’abantu babangamiwe,’ingwano, ivyaduka vy’ubwoko bwose, tutibagiye ingorane z’ubutunzi ziri muri iki gihe.

Ban Ki-moon avuga ati: izo ngorane, n’ingorane zitoroshe. Nti zitorerwa umuti mu buryo busanzwe. Avuga ati dukeneye ikintu kimwe: ”umwumvikano mu bantu”.

Umushingantahe Ban Ki-moon agiye gutangura ikiringo c’imyaka itanu kigira kabiri, mu kwezi kwa mbere, kw’umwaka uza. Yaravuze no ku kibazo ca Palestine kimaze imisi kivugwa, kigatuma n’inama ya ONU kuri ico kibazo, c’uko Palestina ihabwa intebe muri ONU, itavugwa bihagije.

Ban Ki-moon yarongeye avuga ati: Twaremeye kuva kera ko abanya Palestina bakwiye kugira igihugu cabo cigenga, abanya Israel nabo bakabaho m’umutekano. Ivyo bihugu vyose ukw’ari bibiri vyipfuza kubaho mu mahoro. Twebwe rero twiyemeje kugira uko dushoboye kwose kugira ngo ayo mahoro aboneke, biciye mu biganiro.

XS
SM
MD
LG