Uko wahagera

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagiriza abariko bararwana muri Yemeni ko bagaba ibitero ku basivile.

Umukuru w’igisata cita ku mbabare muri ONU Stephen O'Brien yamenyesheje inama ya ONU ijejwe umutekano ejo kuwa kane ko ikintu nyamukuru gikwiye kwihutirwa gukorwa ar’ugukingira abasiviles

Amenyesha ko ibibanza nk’amavuriro, amashure n’amazu bibandanya guterwa n’abarwanyi bo ku mpande zose zishamiranye muri Yemeni.

O'Brien yavuze ko kuva intambara yo muri Yemeni itangura, hagira hahere umwaka, abana 2000 bamaze gukomereka canke mugihe abandi bamaze gupfa.

Abashika 90 baramaze gupfa kuva uyu mwaka utanguye bahitanwe n’ibitero vy’indege, hamwe n’ivy’abarwanira kubutaka.

Atera akamo abashamiranye bose kwubahiriza amategeko mpuzamakungu mu gukingira aba sivile hamwe n’ibibanza babamwo.

Intambara muri Yemeni zimaze guhitana abantu barenga 6,000 zikomeretsa abarenga 35,000. Abarenga imiliyoni zibiri barataye izabo bahunga iyo ntambara.

XS
SM
MD
LG