Uko wahagera

Umutekano Muke Muri Bujumbura Rural

  • VOA

Umutekano Muke Muri Bujumbura Rural

Umutekano Muke Muri Bujumbura Rural

Mu micungararo y’ igisagara ca Bujumbura mu Burundi, mu ntara ya Bujumbura Rural hamaze igihe harangwa umutekano muke n’ubwicanyi.

Bamwe mu banyagihugu bo mur’ iyo ntara bagiriza igipolisi c’ igihugu ko gifise uruhara mu mabi akogwa mur’ iyo ntara. Umwe mu migambwe itavuga rumwe na reta, UPRONA, ukaba usaba ko abapolisi b’ igihugu bari muri Bujumbura Rural bakugwayo kubera ataco bakora mu gucungera umutekano w’ abanyagihugu.

Yamara abantu benshi ntibabona kumwe ico kibazo, hakaba har’ abavuga ko igipolisi kidakwiye kuva muri Bujumbura Rural kubera igipolisi arirwo rwego rwa mbere rw’ igihugu rujejwe kurangura igikogwa co gucungera umutekano wo hagati mu gihugu.

Mu kiganiro Crossfire twagize n’ abashingantahe Achille Barancira na Aime Niyongabo banonosoye ibijanye na politike, bavuze ko abajejwe igipolisi ahubwo bakwiye kuj’ imbere bagahumuriza abanyagihugu, bakongera bagaha apabolisi inyigisho zikwiye kugira ngo umwuga wabo ube uwo gushir’ imbere ineza y’ abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG