Uko wahagera

Umutegetsi mukuru w’Umurwi LRA Akwiye Kuja Imbere y’Intahe

  • VOA

Umwe mu basirikare bakuru b'umugwi LRA, Caesar Achellam

Umwe mu basirikare bakuru b'umugwi LRA, Caesar Achellam

Inteko z’igihugu ca Uganda zafashe Caeser Acellam, umwe mu bategetsi bakomeye b’umugwi LRA, mu gihugu ca Centrafrique ku musi wa gatandatu w’indwi iheze

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryasavye igihugu ca Uganda gukwirikirana imbere y’ubutungane umusurikare mukuru w’umugwi ugwanya ubutegetsi bwa Uganda, Lord’s Resistance Army yafashwe .

Inteko z’igihugu ca Uganda zafashe Caeser Acellam, umwe mu bategetsi bakomeye b’umugwi LRA, mu gihugu ca Centrafrique ku musi wa gatandatu w’indwi iheze. Kuva ico gihe, abategetsi b’igihugu ca Uganda batari bake batangaje ko Acellam ashobora kuzoronswa ikigongwe husunzwe itegeko ritanga imbabazi ry’igihugu ca Uganda.

Radhika Coomaraswamy, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ku vyerekeye abana n’ingwano yavuze mw’itangazo mw’ijoro ryo ku musi wa mbere kw’afise umwizero kw’abategetsi b’igihugu ca Uganda batazokoresha iryo tegeko ritanga imbabazi kw’ahubwo bazoshira Acellam imbere y’ubutungane.

Yamenyesheje ko kumucira urubanza vyorungikira ubutumwa abayobozi b’umgwi LRA ko bazobazwa ivyo bakoze.

Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe LRA, Joseph Kony n’abandi bategetsi b’uwo mugwi baronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu bagirizwa ko bakoze.

Umu Senateur w’umunyamerika, Chris Coons yatangaje ejo ku musi wa kabiri kw’ifatawa rya Acellam vyerekana kw’utwigoro tw’amakungu turiko turatanguye kugira akamaro kaboneka.

XS
SM
MD
LG