Uko wahagera

Umutambukanyi n’Umukobwa wa Moammar Gadhafi Barahungiye muri Tunisia

  • VOA News

Aisha Gadhafi, umukobwa w'umutegetsi w’igihugu ca Libya, Moammar Gadhafi.

Aisha Gadhafi, umukobwa w'umutegetsi w’igihugu ca Libya, Moammar Gadhafi.

Amakuru atangwa n’abajejwe umutekano mu gihugu ca Tunisia batangaje ko umutambukanyi n’umukobwa b’umutegetsi w’igihugu ca Libya, Moammar Gadhafi barinjiye mu gihugu ca Tunisia.

Ayo makuru yabwiye ibinyamakuru, radiyo na televiziyo vy’i Bulaya ko umupfasoni wa Gadhafi, Safia n’umukobwa wiwe, Aisha bagiye mu gihugu ca Tunisia mu misi mikeyi irangiye bari kumwe n’umugwi w’abaserukira Libya, muri iki gihe bakaba bari kw’izinga rya Djerba.

Abategetsi b’igihugu ca Libya ntibemeje ayo makuru.

Umushikiranganji ajejwe ibitoro mu gihugu ca Libya Shukri Ghanem.

Umushikiranganji ajejwe ibitoro mu gihugu ca Libya Shukri Ghanem.

Ku musi wa kabiri, abategetsi b’igihugu ca Tunisia baatangaje ko umushikiranganji ajejwe ibitoro mu gihugu ca Libya Shukri Ghanem, yaravuye mu mabanga yiwe ahungira muri Tunisia. Uwo mushikiranganji, yari amaze igihe ari muri Leta ya Gadhafi.

Umutegetsi w’igihugu ca Libya, yatangaje ko Safia Gadhafi yari mu nyubakwa yateweko ama missile y’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N mu mpera z’ukwezi guheze yamara ko ataco yabaye.

XS
SM
MD
LG