Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Etiyopiya Yatanze Imihoho


Hailemariam Desalegn yeguye ku ntebe y'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya
Hailemariam Desalegn yeguye ku ntebe y'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya

Abicishije kuri Tereviziyo y’igihugu, Hailemariam Desalegn, yasiguye ko ashimye gutanga imihoho nk'umushikiranganji wa mbere mu ntumbero yo gutorera umuti imvururu za politike zivugwa mu gihugu kuva mu mwaka w’2016, hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza reta ihari.

Desalegn yavuze kandi ko anatanze imihoho ku burongozi bw’umugambwe uri ku butegetsi "Ethiopian People's Revolutionary Democratic Front".

Mu majambo yiwe yagize ati: "Abatari bake barishwe, abandi barangazwa, inyubakwa zirabomagurwa, ariko inzitizi ni nyinshi ku matohoza ataho yegamiye”. Desalegn w’imyaka 52, yari ku ntebe y’umushikiranganji wa mbere kuva mu mwaka w’2012.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Etiyopiya, EPRF, wemeye ukwegura kwa Desalegn Hailemariam. Hasigaye ko inama nshingamateka na yo ivyemeza.

Abanyetiyopiya bagera ku 700 bararekuwe mu misi iheze, inyuma yo gufungwa bagirizwa kugumura abandi biciye mu myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG