Uko wahagera

Umushikiranganji Ajejwe Imigenderanire wa Amerika, Hilary Clinton Yarateye Iteka Josephine Dusabimana.


Dusabimana ari kumwe n'Ambassadeur Symingtoni hamwe n'umuhungu we
Dusabimana ari kumwe n'Ambassadeur Symingtoni hamwe n'umuhungu we

Mu guhimbaza imyaka 60 irangiye hapfunditswe amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi, secretaire wa department ya reta ya Amerika Hillary Clinton yarahayagije arakeza abantu batandatu bagize umwete mwinshi mu gutabara no gukingira abandi mu bihe vy’ ingwano n’ amagume mu bihugu vyabo.

Mu guhimbaza imyaka 60 irangiye hapfunditswe amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi, secretaire wa department ya reta ya Amerika Hillary Clinton yarahayagije arakeza abantu batandatu bagize umwete mwinshi mu gutabara no gukingira abandi mu bihe vy’ ingwano n’ amagume mu bihugu vyabo. Mur’ abo bantu batandatu, harimwo umunyarwandakazi Josephine Dusabimana, umurimyi aba hagati mu gihugu c’ Urwanda ahitwa Kibuye. Mu gihe c’ ihonyabwoko mu Rwanda, Dusabimana yatabaye abantu b’ abatutsi umunani arabanyegetse ntibicwa, ubu abo bantu bakaba bakiriho kubera we.

Marie-Claire Maniragaba yavuganye n’ uwo mupfasoni.

XS
SM
MD
LG