Uko wahagera

Imigambwe itavugarumwe na Leta yo mu ntara ya Kirundo ihamagarira abanywanyi bayo kutitaba amatora


Imigambwe itavugarumwe n’uwuri ku butegetsi ihamagarira abanywanyi bayo bo mu ntara ya kirundo kuguma mumihana yabo ku musi wa mbere, ngo ntibaje mu matora ategekanijwe kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 29/06/2015. Basaba ko abatazoja gutora bocungerwa umutekano wabo.

Kurundi ruhande, Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD FDD kurwego rw’igihugu na Mashaka Abdoulkarim aserukira FNL yemewe na Leta, bahamagarira abanyagihugu kuvyuka kare mu gitondo bakaja gutora.

Bakavuga ko abo badashaka kuja gutora ar’abansi b’umutekano.

XS
SM
MD
LG