Uko wahagera

Inzu y’amatora yatewe kur’uyu wa gatandatu muri Province ya Kirundo


(File Photo)
(File Photo)

Umurwi w’abantu bitwaj’ibirwanisho bateye inzu ibitsemwo ibikoresho vy’amatora vyo muri Commune Ntega ya province Kirundo.

Hari nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro aho ayo masasu yatangura kwumvikana, hakaba hatewe ikirindiro c’abapolisi bacungerewe ubwo bubiko.

Udusandugu 59 twaraturiwe, n’amakarata 50, nkuko bishikirizwa na Hitimana Marino, musitanteri wa Komine Ntega. Abasirikare bari ku kirindiro co hafi yaho nibo baje gufasha babona kwirukana ako karwi.

Abanyagihugu bavuga ko batiteguye kuja mu matora. Musitanteri arabahumuriza ko umutekano uzoba ari wose kandi ko kubw’ivyo, imbibe zizokugarwa kur’uyu wa mbere kubw’imvo z’umutekano.

XS
SM
MD
LG