Uko wahagera

Umuririmvyikazi Rurangiranwa wo Muri Amerika, Whitney Houston Yaritanye Imana Ejo ku Musi wa Gatandatu.


Umuririmvyikazi Rurangiranwa wo muri Amerika, Whitney Houston Yaritavye Imana
Umuririmvyikazi Rurangiranwa wo muri Amerika, Whitney Houston Yaritavye Imana

Mu myaka ya vuba, yaragize ibibazo vy’ukunywa inzoga y’ibiyayura umutwe.

Umuririmvyikazi w’umunyamerika yatsindiye udushimwe twinshi twa Grammies, akongera akaba yakina ama films, Whitney Houston yaritavye Imana ejo ku musi wa gatandatu afise imyaka mirongo ine n’umunani.

Yamara imvo y’urupfu rwiwe ntiramenyekana.

Whitney Houston yatsindiye udushimwe twa Grammies dutandatu, yagurishije albums imilioni ijana na mirongo irindwi, mu vyatumye aba umwe mu baririmvyi bagurishije indirimbo nyinshi kw’isi.

Album yiwe ya mbere, yasohotse mu mwaka w’1985, yagurishijwe ama copies imilioni mirongo ibiri na zitanu kw’isi yose.

Ubuhinga bwiwe bwatumye atandukira n’ugukina ama films, aho yakinye neza mu ma films nka”The Bodyguard” na “Waiting To Exhale”.

Mu myaka ya vuba, yaragize ibibazo vy’ukunywa inzoga n’ibiyayura umutwe.

Yarubakanye n’umuririmyi Bobby Brown hagati y’umwaka w’1992 n’umwaka w’2007. Bari bafitaniye umwana w’umukobwa.

Urupfu rwiwe rubaye umusi umwe imbere y’ibirori vyo muri uyu mwaka vy’ugutanga udushimwe twa Grammies, biza kuba uno musi ku w’Imana mw’ijoro mu gisagara ca Los Angeles.

XS
SM
MD
LG