Uko wahagera

Umuririmvyi Bob Dylan Yatahukanye Agashimwe Nobel


Umuririmvyi Bob Dylan

Umuririmvyi Bob Dylan

Umuririmvyi rurangiranwa Bob Dylan, aturuka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika niwe yatahukanye agashimwe kitiriwe Nobel mu gisata c'umwanditsi. Dylan niwe mwanditsi w’indirimbo wa mbere aronse ako gashimwe.

Ikigo kijejwe gufata ingingo y’uwutahukana ako gashimwe buri mwaka, gisanzwe gikorera mu gihugu ca Suede, catangaje kur’uyu wa kane ko uwo muririmvyi yatahukanye ako gashimwe bivuye ku majambo aryohoye yakoresheje mu ndirimbo z’akaranga ka Amerika.

Abantu isinzi bari mu birori vyo gutanga ako gashimwe Nobel, ku mugwa mukuru wa Suede, Stockholm, bakomye amashi menshi igihe izina ry’uwo muririmvyi ryahamagagwa. Bob Dylan yaramaze kuvugwa akatari gake muri kahise ko ashobora gutahukana ako gashimwe, yamara ntivyari bwakunde.

Bob Dylan afise imyaka 75. Indirimbo yasohoye mu mwaka w’1960 nizo zatumye aba rurangiranwa. Izo ndirimbo ziyamiriza intambara yo kugwanya igihugu ca Vietnam, zongera zihimiriza ku bijanye n’agateka ka zina muntu.

Agashimwe atahukanye kangana n’ibihumbi amajana icenda na bitandantu vy’amadolari.

XS
SM
MD
LG