Uko wahagera

Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon Yaravuze Kw’iyicwa ry’Umusirikare Ajejwe Umutekano w’Ishirahamwe O-N-U Yishwe mu Buseruko Bwa Congo


Ban Ki-moon yasavye ihagarikwa bidatevye ry’ubwicanyi bugirwa n’imigwi yitwaje ibigwanisho mu karere ko mu buseruko bwa Congo.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, Ban Ki-moon yatangaje afise amakenga akomeye kw’iyicwa ry’umusirikare ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe mapuzamakungu O-N-U, mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Ban Ki-moon yasavye ihagarikwa bidatevye vy’ubwicanyi bugirwa n’imigwi yitwaje ibigwanisho, mu karere ko mu buseruko bwa Congo. Yararungikiye ubutumwa bw’umubabaro umuryango w’uwo musirikare w’ishirahamwe O-N-U na Reta y’igihugu ciwe c’amavuko c’Ubuhindi.

Uwo musirikare ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe O-N-U, yarashwe ku musi wa gatanu igihe abagwanya ubutegetsi bwa Congo bagwana n’inteko za Reta bagafata igice kiri ku rubibe n’igihugu ca Uganda. Ivyo vyabereye mu gisagara ca Bunagana hafi y’urubibe n’igihugu ca Uganda. Vianney Kazarama , umuvugizi w’umugwi ugwanya ubutegetsi bwa Congo, M23, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igifransa, ku musi wa gatanu, kw’igisagara ca Bunagana kiri mu minwe y’abagwanya ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG