Uko wahagera

Umuntu Umwe Yarishwe mu Myiyerekano Ejo Ku Musi w’Imana mu Gihugu ca Senegal


Prezida wa Senegal, Abdulaye Wade
Prezida wa Senegal, Abdulaye Wade

Uwo muntu akiri muto yishwe ejo ku musi w’Imana mu gisagara ca Koalack,

Umuntu umwe yarishwe mu gihugu ca Senegal mu gihe abari mu myiyerekano batanye mu mitwe n’igipolisi ku ngingo ya prezida wa Senegal, Abdulaye Wade y’ukurondera kwitoza mu kiringo kigira gatatu, mu gihe amatora y’umukuru w’igihugu asigaje indwi imwe.

Abategetsi bavuga kw’uwo muntu akiri muto yishwe ejo ku musi w’Imana mu gisagara ca Koalack, hafi y’ibilometero ijana na mirongo umnani mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru wa Senegal, Dakar.

Ku murwa mukuru, abari mu myiyerekano barashize ama barriers ku mabarabara atari make yo ku murwa mukuru, bongera batera amabuye abapolisi bishuye mu kurasa imyuka ibabaza mu maso n’insoro z’imipira.

Hari amakuru yatangaje kw’abantu batari bake bakomeretse.

Imyiyerekano yatanguye mu kwezi guheze inyuma yuko sentare nkuru ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ko prezida Wade ashobora gusubira kwitoza mu kiringo kigira gatatu. Abantu batanu canek barenga barapfuye mu gutana mu mitwe kwabareye mu mabarabara mu gisagara ca Dakar kuva ico gihe.

Abatavuga rumwe na Reta bayobowe n’umuhari M23, batangaje ko Wade adakwiriye gusubira kwitoza kubera ibwirizwa nshingiro titegekanya ibiringo bibiri gusa. Yamara sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingoro yatangaje kw’ivyo bidashobora kuba kuri Wade kubera yaza ari prezida igihe iyo ngingo nshasha yaja mu ngiro.

Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubufransa vyasavye prezida Wade muri iki gihe afise imyaka 85 gushikiriza ubutegetsi akarekurira abakiri bato kuyobora Senegal.

XS
SM
MD
LG