Uko wahagera

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Peter Heinlein Yari Yapfunzwe n’Igipolisi muri Ethiopia Yararekuwe


Umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika, Peter Heinlein
Umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika, Peter Heinlein

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Peter Heinlein n’uwusigura mu rurimi, Simegineh Yekoye bahagaritswe ku musi wa gatanu

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika n’uwuhindura mu rurimi, bararekuwe ejo ku musi wa gatandatu inyuma yuko bapfunzwe ku musi wa gatanu n’igipolisi c’igihugu ca Ethiopia ku caha cuko bariko batangaza amakuru mu buryo butarekuriwe n’amategeko.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Peter Heinlein n’uwusigura mu rurimi, Simegineh Yekoye bahagaritswe ku musi wa gatanu, igihe bari bavuye mu musigiti ku nkengera z’umurwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba. Heinlein yabwiye Ijwi rya Amerika, ejo ku musi wa gatandatu, ko yasambishijwe umwanya munini, ku migambi yari afise mu gutangaza amakuru.

Heinlein yatangaje ko we n’uwuhindura mu rurimi, Simegineh barekuwe, kandi ko ivyaha vyose bari bagirijwe vyahanaguwe inyuma yuko umutegetsi wo muri Ambassade ya Amerika aje kw’ibohero barimwo mu gitondo c’ejo ku musi wa gatandatu. Yatangaje ko ivyuma vya ordinateri n’ibindi bikoresho bifata amajwi yari yatswe igihe yahagarikwa yabisubijwe, akaba avuga koamagara yiwe na Simegineh ameze neza.

Ijwi rya Amerika ryarasohoye itangazo, ku cicero caryo I Washington, rivugako rishimishijwe n’irekurwa rya Heinlein.

XS
SM
MD
LG