Uko wahagera

Somaliya: Urupfu rw'Umumenyeshamakuru Mohamed Ali Haji


Mohamed Ali Haji

Mohamed Ali Haji

Ku mugwa mukuru wa Somaliya, I Mogascio, abantu babiri bitwaje ibigwanisho bishe umumenyeshamakuru azwi kw’izina rya Abdiaziz Ali Haji. Umuyobozi w’ikinyamakuru Shabelle, Abubakar Sheikh Mohamud, yabwiye Ijwi rya Amerika ko Haji, yaransanzwe akorera ico kinyamakuru, yagandaguwe kur’uyu wa kabiri, mu gisagara ca Yaqshid.

Ali Haji, abaye umumenyeshamakuru agira 13 akorera ikinyamakuru Shabelle, agandaguwe kuva mu mwaka w’2007. 11 muribo bararashwe, mu gihe babiri baguye mu bitero vyakozwe n’abagwanyi ba al-Shabab.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’abamenyeshamakuru muri Somaliya ryatey’ivyatsi ubwo bwicanyi.

XS
SM
MD
LG