Uko wahagera

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM Yaraye Ahagaritswe, Inyuma y’Aho Yitwariwe n’Umushikiranganji w’Ubutungane


Igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu ejo haheheze, niho umukuru wa PARCEM Faustin Ndikumana yaronswa umutahe wamusaba kwitaba muri sentare igwanya ibiturire. Kur’uwo mutahe vyanditse ko ahamagariwe ivyo yashikirije ku maradiyo ku bijanye no kurya ibiturire mu bushikiranganji bw’ubutungane, aho yagiriza umushikiranganji ubwiwe n’abakozi atadomako urutoke, ko mu gutanga akazi basaba ibiturire biva ku muriyoni gushika ku miriyoni zibiri.

Umutahe wa kabiri wamushikiriye, wari wanditse kw’ahagaritswe. Inyuma y’amasaha atanu asambishwa, Faustin Ndikumana yaciye atwarwa mw’ibohero rikuru ry’i Bujumbura, Mpimba.

Uwuburanira Faustin Ndikumana, umushingwamanza Lambert Nsabimana, avuga kw’ uwo aburanira, yahagaritswe bidaciye mu mategeko.

Ku bwu wo mushingwamanza, ngo uwitwaye ntiyerekanye neza ivyaha Faustin Ndikumana akurikiranwako.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane Marcel Nshimirimana, arabeshuza ivyo kurya ibiturire mu bushikiranganji bw’ubutungane, biciye mu gutanga akazi, ati tumaze imyaka tudatanga akazi, atari ugusubiriza abapfuye canke abakukuruka.

Uwo muvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane avuga ko mur’ubwo bushikiranganji bariko bashira mu ngiro umugambi wo kurwanya ibiturire.

Umukuru wa PARCEM Faustin Ndikumana, abaye umuntu wa kabiri apfunzwe yagirizwa ko yavuze ibiturire bisabwa mu gutanga akazi mu bushikirangaji bw’ubutungane. Uwitwa Juvénal Rududura yakora mur’ubwo bushikiranganji mu 2006, nawe nyene yaravuzwe, kubera izo mvo mu nyuma arakurwa mu kazi.

Ivy’iturire mu bushikiranganji bw’ubutungane mu Burundi, biravugwa kandi mu maraporo menshi y’amashirahamwe yigenga y’igihugu na mpuzamakungu, nka Transparency International.

XS
SM
MD
LG