Uko wahagera

Umukinyi Bolt agiye guhagarika amahiganwa


Umukinyi Usain Bolt, mu nkino z'i Rio de Janeiro, mu Gihugu ca Brezil.

Umukinyi Usain Bolt, mu nkino z'i Rio de Janeiro, mu Gihugu ca Brezil.

Umukinyi rurangiranwa mu nkino olempike, Usain Bolt, aturuka mu gihugu ca Jamaique yatangaje kur’uyu wa gatanu, ko agiye guhagarika amahiganwa mur’izo nkino.

Bolt yavugiye kuri televizyo ya Jamayika ko ategekanya gukora ihiganwa rya nyuma mu gihugu ciwe mu nkino zizoba mu mwaka w'2017, inyuma y’aho akazosiganwa incuro ya nyuma mu nkino mpuzamakungu zizobera k’Umugwa w’Ubwongereza, I Londres, mu mwaka uza.

Usain Bolt afise imyaka 30, akaba amaze gutahukana imidari y’inzahabu, incuro zitatu zikurikirana, ku mahiganwa yo gusiganwa ku metero ijana, amajana abiri, n’umukino wo gusiganwa bahanana inkoni ku metero amajana ane. Umukinyi Usain Bolt akaba ariwe gushik’ubu yirutse imetero amajana abiri mu mwanya muto ubaho, aho yagize amasogonda 19 n’ibice 19 mu mwaka w’2009.

XS
SM
MD
LG