Uko wahagera

Umugambwe w’Abaharanira Republika Uzoba Wifashe Gute Mu Mwaka Wi 2012


Umupfasoni Michele Bachmann aserukira intara ya Minnesota.
Umupfasoni Michele Bachmann aserukira intara ya Minnesota.

Ibiharuro vv’itohoza vy’intangamarara vyo mu ntara ya Iowa, bisa n’ikibazo ku bantu bo muri iyo ntara n’abajejwe gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu, muri iyo ntara irimwo abantu bitoza benshi.

Abarushije abandi muri ayo matora baca baronka ikibanza ciza kizotuma babandanya guhiganwa, mu matora y’umukuru w’igihugu azotangura mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uza. Ico gihe niho abiyamamaza batangura gukwira mu ntara zose, batororokanya amajwi azotuma bagenwa ngo bitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Ibiharuro vy’intangamarara vyerekana ko mu ntara ya Iowa hari abahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu bo mu mugambwe w’abaharanira republika icenda. Muri abo harimwo n’umupfasoni Michele Bachmann aserukira intara ya Minnesota. Bachmann yatanguye gukundwa n’abanywanyi b’umugambwe w’aba socialiste badashaka ko ibintu bihinduka, kuko ashigikiye icipfuzo c’umugambwe Tea Party ushaka ko ikigega ca reta cogabanywa.

Perezida Obama ategerezwa gutwara ikiringo kimwe gusa, hanyuma duhindure igihugu, ubutunzi n’akazi vyiyongere, hanyuma tugarukane icemezo c’uko urwaruka ari kazoza k’ejo. Kandi ivyo birashoboka.

Mu bandi bantu bashigikiye ivyo vyiyumviro, harimwo umushingamateka Ron Paul, umuntu yikorera utwiwe, Herman Cain, wo mu ntara ya Georgia, n’uwigeze gutwara intara ya Minnesota, Tim Pawlenty.

Pawlenty avuga ati: Umugambi wacu, n’ukuva mu bice bibiri vya gatatu, tukaja hejuru. Si nibaza ko umuntu ategerezwa kurusha ivyo ibiharuro vy’intangamara bivuga, ariko dutegerezwa kwerekana ko turiko turatera imbere. Umwe mu bandi bahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu, ariko atazohiganwa mu ntara ya Iowa, ni Mitt Romney. Niwe wa mbere mu banywanyi b’umugambwe uharanira republika, kandi yahora atwara intara ya Massachusetts, Nk’abandi banywanyi b’umugambwe uharanira republika, Mitt Romney yitayeho cana inkuru mbi ziri muri iki gihe, zerekeye ubutunzi bw’igihugu bumeze nabi, hamwe n’igabanywa ry’amanota mu kungene Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishura imyenda mu makungu.

Ikiri ukuri, n’uko ivyo vyose biraba Perezida.Niwe rero ategerezwa kwerekana ububasha bwiwe mu kunagura ubutunzi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu gihe amakungu azoba ashinze ijisho amatora yo mu ntara ya Iowa muri iyi ndwi, abandi bazoba bashinze ijisho uwundi munywanyi w’umugambwe uharanira republika azohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu.

Bulamatari w’intara ya Texas, Rick Perry, yiteguriye gutangaza vuba, ingingo imenyesha niba azokwifatanya n‘abandi banywanyi b’umugambwe uharanira republika. Perry aramaze kuganira n’imigwi itari mike yo mu mugambwe uharanira republika, atibagiye abajejwe ubutunzi bw’igihugu, ariko badashaka ko ibintu bihinduka bo mu mugambwe Tea Party, hamwe n’abandi batsimbataye ku vyiyumiro vy’umugambwe wabo.

Perry avuga ati: Amarika yaradutwaye umutima. Kubera ico gihugu, twaribagiye uwaturemye, uwuturinda, uwuduha ivyo dukeneye vyose. Kubera ivyo vyose turakwiye gusaba ikigongwe.

Ababona ibintu n’ibindi bavuga ko Perry ashoboye kuganira n’abanywanyi b’umugambwe uharanira republika badashaka ko ibintu bihinduka kurusha Romney. Bamwe mu badashaka ko ibintu bihiduka barashima ko Perry yafashe ingingo yo kwifatanya n’abandi banywanyi b’umugambwe uharanira republika.

Turetse Rick Perry, hariho n’abandi banywanyi babiri bo mu mugambwe uharanira Republika, bafise umugambi wo guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka uza. Nabo ni uwahoze ari Buramatari w’intara ya Alaska, Sarah Palin, n’uwigeze kurongora igisagara ca New York, Rudy Giulliani. Bose bavuga ko bazofata ingingo mu kwezi kuza.

XS
SM
MD
LG