Uko wahagera

Umugambwe ANC Warahimbaje Imyaka Ijana Irangiye Ushinzwe


Ibirori vy'Uguhimbaza Imyaka Ijana Irangiye Umuhari ANC Ushinzwe
Ibirori vy'Uguhimbaza Imyaka Ijana Irangiye Umuhari ANC Ushinzwe

Mandela ntiyitavye ibirori vy’ukwubuka imyaka ijana irangiye umugambwe ANC ushinzwe kubera amagara yiwe atera atituka

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barakoraniye mu kibuga ca Rugby ejo ku musi w’Imana mu gisagara ca Bloemfontein kugira bahimbaze imyaka ijana irangiye umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, African National Congress ushinzwe.

Iryo koraniro ryarimwo ijambo ry’umukuru w’umugambwe ANC, akongera akaba prezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, ryarangije ibiroro vyamaze indwi vy’ukwibuka ishingwa ry’umuhari ANC.

Imbere yaho, prezida Zuma yarakije ikimuri c’imyaka ijana ANC imaze kw’isengero yo mu gisagara ca Bloemfotein aho incabwenge z’abirabure n’abaharanira agateka ka muntu bashinze umuhari ANC kw’italiki umunani

z’ukwezi kwa mbere mu mwaka w’1912.

Abategetsi batari bake bava mu bindi bihugu vyo muri Afrika barifatanije n’abanya Afrika y’epfo mu kwibuka imyaka ijana ANC imaze, umuhari Nelson Mandela yashikanye ku butegetsi inyuma yuko intwaro kadyanishamiryango ya Aparteid isenyutse.

Mandela ntiyitavye ibirori vy’ukwubuka imyaka ijana irangiye umugambwe ANC ushinzwe kubera amagara yiwe atera atituka.

Umuhari ANC washinzwe bivuye ku kurwanya ikumirwa, urugamba rwawo rukaba rwashikanye kw’irangira ry’intaro y’abazungu bai ku rushi mu gihugu ca Afrika y’epfo mu mwaka w’1994. Nelson Mandela yabaye umuprezida wa mbere w’umwirabure.

XS
SM
MD
LG