Uko wahagera

Ejo

Ukwiyamamariza Incuro ya Kabiri y’Amatora y’Umukuru w’Igihugu Mu Bufransa kwaratanguye Ejo ku Musi wa Mbere


Ejo ku musi wa mbere, igikorwa c’ukwiyamamariza incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu caratanguye.

Mu ncuro ya mbere y’amatora y’umukuru w’igihugu mu Bufransa, umu Socialiste, Francois Hollande yatahiye intsinzi n’ibice 28 kw’ijana vy’amajwi mu gihe uwo bahiganwa, prezida Nicholas Sarkozy yaronse ibice 27 kw’ija na vy’amajwi. Umukuru w’umugambwe Front National, Marine Le Pen yarangije mu kibanza ca gatatu n’ibice 18 kw’ijana vy’amajwi.

Ejo ku musi wa mbere, igikorwa c’ukwiyamamariza incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba kw’italiki zitandatu z’ukwezi kwa gatanu caratanguye.

Ibibazo biriko bishimikirwako muri ico gikogwa c’ukwiyamamaza vyerekeye ubutunzi n’ukuronsa Abafransa ubuzi.

Gratien Rukindikiza akwirikirana ibibazo vyerekeye ubutunzi na politike aba I Paris mu Bufransa yarahaye ikiganiro Ijwi rya Amerika aho yavuze ku kugene aba Candidats bariko bahiganirwa incuro ya kabiri y’amatora bariko bavuga ukugene bazotorera inyishu ivyo bibazo biraje ishinga abatora mu Bufransa.

Tumutege amatwi:

XS
SM
MD
LG