Uko wahagera

Ukurwanya Ibiturire Muri Afrika


Mu gihugu c’ Uburundi haheruka kuba inama yakoranije intumwa z’ ibihugu vyinshi vyo muri Afrika, inama yihweje ukugene ingeso yo kurya ibiturire muri Afrika yotuzwa ikaranduranwa n’ imizi. Mur’ iyo nama hakaba hafarashwe n’ ingogo yo gushinga urwego rushasha mpuzabihugu vyo muri Afrika rwo kurya ibiturire mu karere kose ka Afrika.

Umushingantahe Leonidas Habonimana, arongoye urwego rw’ igipolisi rujejwe kurwanya ibiturire mu Burundi, yavuze ko iyo yari ngirakamaro cane mu kwungurana no guhanahana ivyiyumviro n’ ubumenyi ku vyerekeye ukugwanya ibiturire. Yavuze ko urwo rwego rushasha ruje gukomeza inzego zindi zari zisanzwe ziriho zigwanya ibiturire. Yamara umushingantahe Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe ataho ryegamiye rigwanya ibiturire n’ isesagugwa ry’ amatungo ya reta mu Burundi, OLUCOME, we yavuze ko inzego nk’ izo ataco zimaze mu gihe ata gushaka kuriho mu banyepolitike kandi imvugo yabo itajanye n’ ingiro.

XS
SM
MD
LG