Uko wahagera

Ukugene Ibitero vy’Abivevyi muri Amerika vyahinduye Ukugene Abarundi Babona Ubuzima bwabo n’Isi


Abarundi baracibuka umwiheburo Abanyamerika bari bafise ico gihe.

Inyuma y’imyaka cumi abihevyi bakoze ibitero muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Abarundi baracibuka umwiheburo Abanyamerika bari bafise ico gihe.

Ivyo bitero vyaragize ingaruka mbi ku butunzi muri Amerika no kw’isi.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Leon Masengo, yaraganiye n’Abarundi batandukanye mu gisagara ca Bujumbura.

Bamwe mu bashikirije ivyiyumviro vyabo bamenyesheje ko kubona igihugu c’igihangange nka Amerika gitegwa, vyotegerezwa guha icigwa Reta y’Uburundi mu mugambi w’ugukingira umutekano w’abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG