Uko wahagera

Uganda: Polisi Iratohoza Amakarata ya Magendo


Igipolisi ca Uganda catanguje amatohoza kuri za raporo caronse zivuga ko har’abantu boba bafise umugambi wo gukoresha amakarata y’amatora ya magendo kugira bacafuze amatora yo kur’uyu wa kane.

Kur’uno wa kane abaganda niho baja mu matora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka nay’abakuru b’imitumba.

Umuvugizi w’igipolici ca Uganda Fred Enanga amenyesha ko abo bantu bafise umugambi wo gutera akajagari mu ntumbero yo guhungabanya umutekano mugihugu. Amenyesha kandi ko igipolisi cakwiragijwe mugihugu hagati kubwinshi kugira bahumurize abanyagihugu ko amatora azoba mw’ituze ntangere.

Fred Enanga avugira igipolisi ca Uganda arabeshuza abakwiza inkuru ko abo bapolisi barungitwse kubwinshi mugihugu hagati kugira batere ubwoba abatavugarumwe na Perezida Yoweri Museveni n’umugambwe wiwe NRM uri ku butegetsi.


XS
SM
MD
LG