Uko wahagera

Umusi w’Amatora muri Uganda


People queuing at the Nakasero polling station in the center of Kampala, Uganda, Friday, Feb. 18, 2011, as they wait to cast their vote
People queuing at the Nakasero polling station in the center of Kampala, Uganda, Friday, Feb. 18, 2011, as they wait to cast their vote

Abanyagihugu muri Uganda biteguriye guha Perezida Museveni, ikiringo ca kane k’ubutegetsi bw’ico gihugu. Ariko hatanguye kuvugwa ka kageso ko kwiba amajwi

Mu matora y’uyu musi ku wa gatanu abanyagihugu muri Uganda biteguriye guha Perezida Museveni, ikiringo ca kane k’ubutegetsi bw’ico gihugu. Ariko hatanguye kuvugwa ka kageso ko kwiba amajwi.

Kuri uyu musi wa gatanu, naho ayo matora yabaye mu mutekano, ibiro vy’amatora vyugaye bitevye. Ikiringo ca kane kizotuma Perezida Museveni amara imyaka ishika hafi 30 k’ubutegetsi.

Bubaye ubugira gatatu Perezida Museveni ahiganwa n’uwo batavuga rumwe, Kizza Besigye, yahora ari umuganga wiwe. Perezida Museveni yibaza ko ariyo matora ya mbere akomeye kurusha ayo yaramaze kubona.

Besigye n’umukuru w’umugambwe ukomeye ugizwe n’urunani gw’imigambwe ine, kandi yama yagirije intwaro ko yiba amajwi, ariko Perezida Museveni ariyamiriza ivyo vyagirizo. Besigye yaragabishije avuga ko azotangaza k’uruhande rwiwe ivyavuye mu matora, kandi ko mu gihe yosanga ibiharuro bidahuje, ko abanywanyi biwe bazoca bihereza amabarabara.Yaragabishije avuga ko ivyabaye mu Misiri bishobora kuba no muri Uganda.

XS
SM
MD
LG