Uko wahagera

Ubwato bw’Igihugu c’Ubutaliyano, “Costa Concordia” Bwarubamye mw’Ibahari


Impanuka y'Ubwato, "Costa Concordia" mu Gihugu c'Ubutaliyano
Impanuka y'Ubwato, "Costa Concordia" mu Gihugu c'Ubutaliyano

Abajejwe kugwanya imiriro barashoboye kuvugana n’abantu babiri, umugabo n’umugore ejo ku musi wa gatandatu

Abajejwe kugwanya imiriro barashikiriye abantu babiri bari bafatiwe mu bwato bugiramwo abantu bashaka kwinezereza, Costa Concordia mu kiyaga ca Tirania.

Abajejwe kugwanya imiriro barashoboye kuvugana n’abantu babiri, umugabo n’umugore ejo ku musi wa gatandatu bakaba babasanze mu gice kimwe c’ubwato, Costa Concordia. Abantu batatu canke barenga barapfuye igihe ubwo bwato bwaseka ubutaka ku musi wa gatanu mu buraruko bw’igihugu c’Ubutaliyano ku nkengera z’ibahari Meditteranee. Abantu barenga mirongo itatu barakomeretse.

Abategetsi b’igihugu c’Ubutaliyano bavuga ko abantu mirongo ine canke barenga irengero ryabo ritari rizwi mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatandatu.

Capitaine w’ubwo bwato, Francesco Schettino yarajanywe mu munyororo ejo ku musi wa gatandatu inyuma yuko asambishijwe amasaha atari make.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubutaliyano, ANSA ryatangaje ko ashobora kwagirizwa ivyaha bitari bike, harimwo kwica abantu n’uguheba ubwato yari ajejwe gukingira.

Ibiziga vy’abantu batatu vyatowe mu mazi, abategetsi bakaba bavuga ko abantu mirongo ine canke barenga irengero ryabo ritazwi hafi y’amasaha mirongo ibiri n’ane inyuma yuko impanuka y’ubwato, Costa Concordia ibaye.

XS
SM
MD
LG