Uko wahagera

Ubwato Bwari Bwuzuye Abantu Bwaribiye Hafi y’Amazinga ya Zanzibar


Impanuka y'Ubwato, "MV Spice Islander" Hafi ya Zanzibar
Impanuka y'Ubwato, "MV Spice Islander" Hafi ya Zanzibar

Amakuru ava muri Zanzibar avugako ubwo bwato, The MV Spice Islander, bwari bwuzuye abantu kurusha uko abantu bari bavyiyumviye imbere yaho

Abategetsi batangaje ko abantu ijana na mirongo icenda na babiri canke barenga barasomye nturi muri ubwo bwato bwari bwuzuye abantu bwibira ejo ku musi wa gatandatu hafi y’izinga rya Zanzibar.

Amakuru ava muri Zanzibar avugako ubwo bwato, The MV Spice Islander, bwari bwuzuye abantu kurusha uko abantu bari bavyiyumviye imbere yahoo, amakuru atangwa avuga ko ubwo bwato bwarimwo abantu bagera ku majana umunani.

Amakuru ya nyuma yatanzwe n’abategetsi ku murwa mukuru wa Zanzibar, Stone Town no ku kivuko gikuru, amenyesha ko abantu amajana barokotse, bamwe muribo bakaba barakomeretse bikomeye.

Abantu isinzi barakoraniye ahabereye iyo mpanuka aho ibiziga vy’abapfuye biriko bijanwa, bikongera bigaharugwa mu mwizero w’ukumenya ivyashikiye abagenzi canke incuti zabo zari muri ubwo bwato.

Ubwo bwato, The MV Spice Islander bwibiye mu masaha ya kare y’ejo ku musi wa gatandatu.

XS
SM
MD
LG