Uko wahagera

Muri Etiyopiya Ubutunzi Bushobora Gusubira Inyuma


Umukenyezi w'umudandaji muri Etiyopiya

Umukenyezi w'umudandaji muri Etiyopiya

Abaserukira Reta ya Etiyopiya bamenyesha ko bafise impungenge ku bijanye n’uko ubutunzi bushobora gusubir’inyuma. Abavyihweza bavuga ko gutora umuti w’ibibazo vy’abanyagihugu ar’iyo nzira irashe yo kwirinda ko ubutunzi bubangamigwa.

Mu ntureka zimaze iminsi mu karere ka Oromiya, amahinguriro ashika ku 60 aramaze guturigwa no gusambugwa, harimwo n’amahinguriro y’abanyamahanga. Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Hailemarian Desalegn, amenyesha ko ibihe bidasanzwe vyatangajwe na Reta ko bizomara amezi atandatu, kugira umutekano ugaruke, ico kiringo gishobora kugabanuka ari hamwe izo ntureka zicureshe.

Angela Merkel, arongoye Igihugu c’Ubudagi yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri, avuga ko Igihugu ca Etiyopiya gikwiye gushiraho amategeko yisunga demokarasi, akavuga ko abanyagihugu bakwiye guserukigwa bikwiye mu nama nshingamateka. Angela Merkel amenyesha kandi ko afise impungenge ku mahinguriro y’Ubudagi ari mu gihugu ca Etiyopiya.

Mwomenya ko Igihugu c’Ubudagi kiri mu bishorera cane Etiyopiya ibidandazwa vy’ipampa n’ikawa.

XS
SM
MD
LG