Uko wahagera

Ejo

Uburundi n’Ifaranga rimwe ryo mu Karere ko muri Afrika yo mu Buseruko.


Inyungu Uburundi bushobora gukura muri iyro faranga rimwe mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko nuko bwoba bukoresha ifaranga rifise agaciro.

Ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko rifise umugambi w’ugushiraho Ifaranga rimwe muri ako karere.

Mu kiganiro Gratien Rukindikiza, yanonosoye ivyerekeye ubutunzi, yahaye Ijwi rya Amerika, avuga ko ico ari iciyumviro ciza cane ku bihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, yamara impungenge afise zerekeye ukugene iryo faranga ryoza. Amenyesha ko hotegerezwa kubanza gushigwaho amategeko agenga ubutunzi ibihugu bigize ako karere kikabona ko ayo mategeko asa n’ayegeranye kugira iryo faranga rikorane n’ibihugu bifise ico bihuriyeko.

Inyungu Uburundi bushobora gukura muri iyro faranga rimwe mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko nuko bwoba bukoresha ifaranga rifise agaciro.

Ingorane nuko Reta itazoba igishobora gufyatura amafaranga. Igihugu kitazoba catoje amakori akwiye kizotegerezwa kurondera ingurane.

Ikindi kibazo nuko iryo faranga rizohava rija mu ngiro abagwizatunga bo mu Burundi batavyiteguriye neza.

XS
SM
MD
LG