Uko wahagera

Uburundi n’u Rwanda Biracaheraniye EAC


Bamwe mu Bategetsi Bari Bitabiriye Inama Igira 18 ya EAC
Bamwe mu Bategetsi Bari Bitabiriye Inama Igira 18 ya EAC

Ku mafaranga agera ku miriyoni 113 z’amadolari y’Abanyamerika umuryango w’Afrika y’Ubuseruko wari wategekanije gukoresha muri uno mwaka uherana n’ukwezi kw’indwi, igihugu cose kiri muri EAC cabwirizwa gutanga imiriyoni zirenga 8 ayandi akava mu bafasha uwo muryango.

Ku bihugu bitandatu bigize EAC, Tanzaniya niyo imaze gutanga intererano yose, igakurikirwa na Kenya yatanze ibice 97%, hama hakaza Uganda yatanze ibice 79%, ikurikirwa n’u Rwanda rwarishe ibice 67%. Sudani y’Epfo imaze kuriha ibice 12% yasabwe mu gihe Uburundi uretse hambavu y'ibirarane vyo mu myaka iheze ata n’atanu buratanga uno mwaka.

Mu kwezi kwa 6 umwaka uheze, Isabelle Ndahayo umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC, yari yavuze ko igihugu kigiye gukora ibishoboka kugira uwu mwaka gitange intererano yaco ku gihe congere kirihe n’ibirarane gifise.

Icegeranyo c’inama nshikiranganji ya EAC Ijwi ry’Amerika ifitiye urwandiko, kivuga ko imyenda y’ivyo bihugu iriko idindiza ibikorwa bitandukanye harimwo nko kuriha amasoko atandukanye, gusivya amanama aca atuma hari ingingo zidafatwa, ingendo zidakorwa, ukwikora ku mafaranga yahora mu kigega c’intega bizoza n’ibindi.

Ibihugu vyose bisabwa kuba vyikuyeko umwenda bifise bitarenze itariki 31 z’uku kwezi kwa gatanu kugira inama nshikiranganji ishobore kwiga ayo izokoresha mu mwaka wa 2018-2019 uzotangurana n’ukwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG