Uko wahagera

Ni Nde Ukorera Imiryango Mpuzamahanga mu Burundi?


Anicet Niyongabo icegera c'umukuru w'inama nkenguzamateka y'Uburundi
Anicet Niyongabo icegera c'umukuru w'inama nkenguzamateka y'Uburundi

Inama nkenguzamateka mu Burundi igabisha ko vuba igiye gukora umukwabu mu mashirahamwe mva makungu atubahiriza ibice 60 kw'ijana vy'Abahutu na 40 vy'Abatutsi mu gutanga ubuzi.

Mu kiganiro icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka Anicet Niyongabo yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane, yavuze ko hari umurwi w'abakenguzamateka ugiye kugendera amashirahamwe mva makungu akorera mu Burundi, mu ntumbero yo kuraba nimba yubahiriza amategeko ajanye no gutanga akazi hisunzwe ibitsina n’amoko.

Anicet Niyongabo icegera c’umukuru wa Senat akaba ari nawe ayivugira, yasiguye ko itegeko rishasha rimaze umwaka n’amezi umunani rigenga amashirahamwe mva makungu ritomora ko ubwoko bwose n’ibitsina bibwirizwa guserukirwa ku buryo abahutu bahabwa akazi muri ayo mashirahamwe batarenza ibice 60 kw’ijana, abatutsi nabo ntibarenze 40 kw’ijana.

Abamenyeshamakuru bitabiriye ico kiganiro babajije nimba uwo mu kwabu ugiye gukorwa hari isano ufitaniye n’icuka kibi kiri hagati y’Uburundi n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya amenshi muri yo akomokako: Anicet Niyongabo yabihakanye asigura ko "Imigedmeranire ya Buraya n’Uburundi atawovuga ko ari mibi." Ku bwa Niyongabo, Uwo mukwabu nta kindi ugamije atari ukwubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Ijwi ry’Amerika ryaragerageje kurondera bamwe mu barongoye ayo mashirahamwe kugira bagire ico bavuze kuri uyo mu kwabu ugiye gukorwa, bashima kutagira ico bawuvuzeko.

Urwego rw’inama nkenguzamateka rusigura ko ikiringo c’amezi atandatu rwari rwarahaye ayo mashirahamwe ngo yisuganye iryo tegeko ricemezwa caheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG