Uko wahagera

Uburundi Bwagirizwa Kubangamira Amatohoza ya ONU


Icegera c'umukuru w'akanama ka ONU kajejwe ivy'agateka ka zina muntu Kate Gilmore.
Icegera c'umukuru w'akanama ka ONU kajejwe ivy'agateka ka zina muntu Kate Gilmore.

Raporo y'ukungene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi vyari vyitezwe ko isohoka yacerejwe n'uko abahinga ba ONU batoroherejwe gukora akazi kabo na Reta y'Uburundi.

Ivyo bivugwa n'icegera c'umukuru w'akanama ka ONU kajejwe ivy'agateka ka zina muntu Kate Gilmore, asigura ko abahinga ako kanama kari kararungitse mu Burundi gukora amatohoza batashoboye guheza raporo yabo bivanye na Reta yabatse ama "Visas".

Itororokanirizo ry'amakuru y'abongereza Reuters ritangaza ko abo bahinga bavuze ko kuva binjira mu Burundi mu kwezi kwa gatatu, kugera bakwe impusha zabo zo gukorera mu Burundi mu kwa kane Reta itigeze ishaka gukorana nabo.

Gilmore yabwiye abagize ako kanama ko bibabaje kubona ishaka rike ryo gukorana n'abo bahinga ariryo ryadindije ryongera ribera intambamyi ishirwa mu ngiro za zimwe mu ngingo z'abo bahinga.

Aho kuri uno wa kabiri abagize ako kanama bagaruka kuri ico cegeranyo catevye gusohoka, uwuserukira Uburundi muri ONU Tabu Renovat ntiyashoboye kumara amazinda no gusigura igituma Reta yaranse gukorana n'abo bahinga.

Ambassaderi Tabu yasiguye ko irungikwa mu Burundi ry'abo bahinga ata kindi ryari rigamije atari ukwambika ibara igihugu ciwe no kukirementanyiriza.

Iyo nkuru ya Reuters ibandanya ivuga ko Tabu yabwiye ako kanama ko inkuru zahindukijwe mu ntumbero yo kubeshera Uburundi ko bwanse gukorana n'abo bahinga.

Icegera c'umukuru w'akanama ka ONU kajejwe ivy'agateka ka zina muntu Kate Gilmore, yashimiye abategetsi ba Bulaya batariye umunwa mu kunebagura no kuvuga ko Uburundi bwavyitwayemwo nabi.

Abo bategetsi bavuze ko ata wokwemera ko ibintu bibandanya uko biri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG