Uko wahagera

Uburundi, Buritgurira Guhimbaza Imyaka 50 Irangiye Buronse Intahe Yo Kwikukira

  • Frederic Nkundikije

Kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kw’indwi, Uburundi buzohimbaza imyaka 50 irangiye buronse intahe yo kwikukira ku gihugu c’Ububirigi. Abarundi aho bari hose, bariko baritegurira guhimbaza uyo musi uhambaye cane kuri kahise k’Uburundi.

Abarundi baba muri reta zunze ubumwe za amerika, ntibasigaye inyuma. Twaraganiye na Osacr Niyungeko, arongoye ishirahamwe ry’abarundi muri reta zunze ubumwe za amerika, hasigaye akanya gatoyi ngo afate indege imujana mu Burundi kwifatanya n’abarundi mu guhimbaza uyo musi mukuru hamwe no gusangira ivyiyumviro n’abandi barundi bavuye mu mihingo itandukanye yo kw’isi, hamwe na Jean Berchmans Manirakiza, umurundi afise uhara rukomeye cane mu bikorwa vyo gutegura ihimbazwa ry’uyo musi mukuru mu gisagara ca Washington.

Mu kiganiro twagiranye n’abo bashingantahe, harimwo ibindi bavuga kw’Ububurndi bushobora kwishimira; harimwo kandi n’ivyiyumviro vyerekeye uruhara umurundi wese yogira mw’itarambere ry’Uburundi, cane cane abarundi baba mu mahanga.

Mushobora kwumviriza iki kiganiro:

XS
SM
MD
LG