Uko wahagera

Uburundi Bugiye Kugurisha Amazu Yoba Yarafatiwemwo Ibirwanisho


Aimée Laurentine Kanyana umushikiranganji w'ubutungane mu Burundi
Aimée Laurentine Kanyana umushikiranganji w'ubutungane mu Burundi

Ubutungane bw’Uburundi bwatangaje ko inzu zose bwemeza ko zafatiwemwo ibirwanisho kuva mu mwaka wa 2015 zigiye kugurishwa ca munara kugira ababuze ababo n’ivyabo mu mvururu zifatiye kuri manda ya Perezida Pierre Nkurunziza bashumbushwe.

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yabitangaje inyuma y’umubonano ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu bwagiranye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Muri uwo mubonano wabaye batabwiwe ico bahamagariwe beretswe ireresi yakozwe n’iradiyo y’Abongereza BBC igaruka ku matahozo yakoze ku bwicanyi n'itotezwa bikorerwa abatavuga rumwe na Reta.

Bahejeje kwerekwa iyo reresi bajanywe ku nzu imwe muri umunani BBC yemeje ko yicirwamwo abatavuga rumwe na Reta, iri muri karitiye ya kinindo komine Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Mu gihe mu bo BBC yavugishije harimwo nyene iyo nzu n’abahoze bakorera iperereza ry’Uburundi bemeza ko ikidengeri c’amaraso yisesa mu muferege avuye muri iyo nzu yari ay’abahicirwa, ubutungane bw’Uburundi bwazanye umwe mu babeshuje yavuze ko ayo maraso yari ay’impene zitandatu zabazwe ku munsi mukuru w’aba Isilamu.

Amakuru y'ayo maraso yabonetse muri uwo muserege akimenyekana mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2016 biciye ku mbuga ngurukanabumenyi, umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi w'ico gihe, Pierre Nkurikiye, yayabeshuje ayita "ibinyoma", yerekana uwo muserege utagira n'ima ry'iraso.

Abamenyeshamakuru babajije umushikiranganji Kanyana igituma iyo nzu ivugwa mw’ireresi ya BBC “Kamwe Kamwe _Inside Burundi’s Killing Machine” igicunzwe n’abajejwe umutekano mu gihe ayandi mazu bivugwa ko yoba yarafatiwemwo ibirwanisho yasubijwe banyeneyo, nawe yishura ko izasubijwe ba nyenezo zose vuba ubutungane buzisubirako bukazigurisha.

Ijwi ry’Amerika ryabajije abajejwe gutanga amakuru muri BBC mu Bwongereza ico bibaza ku vyagiriji vy’Uburundi vy'uko ireresi yabo yuzuye ibinyoma, bishura mu butumwa bugufi kuri Email ko BBC ihagaze ku matohoza yabo kandi yemanga ibiyarimwo ko ari ukuri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG